Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom !  Uyu musi tugiye kuraba umutego abantu benshi barwamwo bagatakaza agaciro k’ivyo bakoze.

Matayo 6:1-2  Mwirinde ntimugakorere ivyiza vyanyu mu maso y’abantu kugira ngo babarabe : ni mwagira murtyo, ntimuzogira impera kuri So wo mw ijuru. 2 Ni wagira ubuntu, ntuz’ uvugishe inzamba imbere yawe, nk’ukw indyarya zikora mu masinagogi no mu nzira, ngo bashimwe n’abantu: ndababgire ukuri: Baramaze guhabga impera zabo.

Akenshi kamere y’umuntu ishaka ko iy’umuntu yakoz’ivyiza, abantu babimenya bakamushima kuko bimuhesha agaciro ku bandi, ariko Bibiliya ivuze ko bibaye uko impera ib’ibay’iyo nyene.

Dusab’Imana umutima uciye bugufi, urondera kunezerez’Imana kurusha kwinezereza canke kwemerwa n’abantu biciye ku bikorwa dukora.

V3&4Ariko weho ni wagira ubuntu, ntumenyeshe ukubamfu kwawe ico ukuryo kwawe gukora, 4 kugira ng’ ubuntu bgawe bugirirwe mu mpisho: kandi So, abona ibihishijwe, azoguhera.”

 

Umusi mwiza !

Pasteur Cassien NIKO  

Loading