Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 
Uko Yesu akomeza kwihishura natwe dukomeze gufata ingingo nziza.
Yohana 6:16-21 Buhwibiriye, abigishwa biwe bamanuka ku kiyaga, 17 batambukira mu bgato, bajabuka baja hakurya y’ikiyaga i Kaperinawumu. Bgateranye Yesu atarabashikira;p 18 ikiyaga gitangura kuzungazunga, kuk’umuyaga mwinshi uhuhuta. 19 Bamaze gusoza nka stadiyo h mirongwibiri na zitanu canke mirongwitatu, babona Yesu agendesha amaguru hejuru ku kiyaga, arikw aregera ubgato, na bo baratinya. 20 Maz’ arababgira, ati Ni jewe, nta co mutinya. 21 Bumva bakunze kumushira mu bgato, buno nyene buca bushika i musozi aho baja.
Yesu yatabaye abigishwa bugarijwe n’imifunda mû burya batari bamenyereye kuko yaje agendesha amaguru ku kiyaga.
Abikora inyuma yo guhaza abantu ibihumbi bitanu mû dutsima dutanu n’udufi tubiri. Yohana 6:1-15
Ibi vyashikanye intumwa ku gufata ingingo yo tudaheba Yesu igihe benshi bariko bamuvako kuko ababwiye ko ari umutsima w’Ubugingo.
V66-69 Kuva ico gihe benshi mu bigishwa biwe bamuva inyuma, ntibaba bakijana na we. 67 Yesu abaza bamwe cumi na babiri, ati Mbega namwe muragomba kwigira? 68 l Simoni Petero aramwishura, ati Tuje kwa nde ga Mugenzi? Kw ari wewe ufise amajambo y’ubugingo budashira , 69 m natwe twarizeye, tumenya yuko wewe ur’ Uwera w’Imana.
Reka natwe turushirizeho guha akaryo Kristo ngo akomeze kutwihishurira nk’uko abigishwa bakunze kumwinjiza mû bwato akazibiza ingunza babona. Tumutumire muvyacu yihishure.

 

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading