Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Uko imisi yegereza yo kurangiza umwaka wa 2023, dukomeze kwumva no kwumvira Mpwemu Yera. 
Luka 2:25-33 Kandi muri Yerusalemu har’ umuntu yitwa Simeyoni; uyo yar’ umuntu agororotse kandi yubaha Imana, yar’ arorereye uguhumurizwa kw’Abisirayeli, Mpwemu Yera yari kuri we. 26 Yari yarabgiwe na Mpwemu Yera yukw atazopfa, atarabona Kristo w’Umwami Imana. 27 Ajanwa na Mpwemu mu rusengero; abavyeyi bajanye uwo mwana Yesu ngo bamugenze nk’uk’ umugenzo w’ivyagezwe war’ uri, 28 aramwakira, aramukikira, ashima Imana, 29 l ati Databuja, noneh’ urasezeye umusavyi wawe amahoro, Nk’uko wavuze: 30 m Kukw amaso yanje abonye agakiza kawe,
31 Ako wateguye mu maso y’amoko yose, 32 n Kuba umuco wakira amahanga, No kuba ubgiza bg’abantu bawe b’Abisirayeli.
Simeyoni yari arorereye kubona ico Mpwemu Yera yamubwiye ko azopfa abonye Yesu.
Igihe kigeze uwo Mpwemu nyene amurongorera kuja mû rusengero gubona isezerano kuko Yesu wari umusi wo kujanwa mû rusengero
Icakurikiye, Simeyoni yashimy’Imana cane kuko yaronse akaryo ko kwikorezako amaboko Yesu, akikira isezerano, aranezerwa, avuga amajambo akomeye, yatangaje abayumvise bose.
Ico duhamagarirwa ni kuguma mû migenderanire myiza na Mpwemu Yera kuko turi mû gihe ciza c’Imana co kuduha kobona ivyo twizeye no gukikira amasezerano.

 

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading