Shalom!
Ubwami bw’Imana bugomba guhabwa agaciro.
Matayo 6:33 “Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa.“
Kuva Yesu atanguye kwigisha yarerekanye ko ubwami bw’Imana bugomba kuba umwitwarariko wacu wambere.
N’igihe yari yazutse mû bapfuye, turabona ko mi misi 40 yamaze kw’isi imbere yo kuduga yavuga ivy’ubwami bw’Imana. ivyakozwe n’intumwa 1:3
No mw’isengesho yigishije intumwa biri mu bintu vya mbere tugomba gusaba imisi yose tumaze kwibu ko Imana ari Data wa twese kandi ko izina ryayo rikwiye kwubahwa.
Matayo 6:9-10a “Nuko musenge murtya,muti Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe, 10 g ubgami bgawe buze,“
Reka natwe duhe agaciro ubwami bwayo muri twebwe imisi yose kuko arico kintu gikora ku mutima w’Imana muvyo tuyisaba.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO
Receive Jesus
Receive forgiveness
Receive eternal life
Receive the gift of the Holy Spirit