Shalom!
Ubushobozi bw’urukundo rw’Imana.
Indirimbo 8:6-7 “Nshira ku mutima wawe nk’ikimenyetso, mbe nk’ikimenyetso ku kuboko kwawe:
Kuk’ urukundo rufise inkomezi nk’urupfu , Ifuhe rinyinyaraye nk’i kuzimu; Ibirimi vyavyo ni nk’ibirimi vy’umuriro, N’urubeya rw’inkazi rw’Uhoraho. 7 Amazi n’iyo yoba menshi ntiyozimya urukundo, N’inzuzi zuzuye ntizorurenga hejuru. Umuntu yotanga ivy’ afise vyose mu rugo rwiwe, ngw aje kugura urukundo, Yogawa rwose!“
Iyo urukundo rw’Imana rwuzuye muri twebwe, tuba twuzuye ubushobozi bukomeye butuma ata kintu na kimwe coshobora kudutandukanya na Kristo naho rwoba urupfu nk’uko pawulo yabishingiye intahe.
Abaroma 8:38-39 “Kuko mmenye neza ntabikekeranya yuko naho rwoba urupfu, cank’ ubugingo, cank’ abamarayika, cank’ abaganza, cank’ ibiriho, cank’ ibizoba, cank’ abafise ubushobozi, 39 cank’ uburebure bg’igihagararo, cank’ uburebure bg’amajepfo, cank’ ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristo Yesu Umwami wacu.“
Ikibazo twokwibaza uyu musi: Mbega twarashitse ku guhazwa n’urukundo rwa Kristo ku buryo atacoshobora kudutandukanya narwo?
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO