Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom !  

Turashimiy’Imana iyi ndwi twinjiyemwo, tunezerewe no kuyitangurana nayo muri vyose.

Iyi ndwi nkaba ndabifurije kwakira ubushobozi bwo gushimish’Imana mû vyo tuvuga no muvyo dukora.

Ab’i Kolosayi 3:17  Kand’ ivyo muzokora vyose , mu majambo no mu bikorwa, muhore mubikora vyose mw izina ry’Umwami Yesu, mushima Imana Data wa twese kubg’ uwo.

Ubuzima bumez’uko nibw’Imana itwitezeko buri musi, reka rero twimenyereze kububamwo, aho imbere yo gusohor’ijambo, no gukor’ikintu icar’ico cose, tubanza kwibaza nimba vy’ukuri bigiye gushimish’Imana canke kuyitukisha!

Umusi mwiza n’indwi nziza! 

Pasteur Cassien NIKO  

Loading