Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

dukomeze kwiga ku bushobozi bwo gushimish’Imana.

Intambuko zo kubushikako:
1. Kwemera kuremerwa muri Kristo Yesu mu kumwakira mu mutima no kurek’ijambo ryiwe rikaduhingura. Abanyefeso 2: 10  Kuko tur’ ibiremwa vyayo, twaremewe muri Kristo Yesu ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo Imana yateguye kera ngo tubigenderemwo.

2. Guter’intambwe yo kuba icaremwe gisha aho Kristo ariwe aganza mu buzima bw’umwana w’umutu biciye kuri Mpwemu Yera. 2 Ab’i korinto 5:17  Nuko rer’ umuntu wese iy’ ari muri Kristo, aba ar’ icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha.”

3. Kugir’ivyiyumviro nk’ivya Kristo biciye mu kumumenya no kunywana nawe. 1 korinto 2:16b   Ariko twebge dufise ivyiyumviro vya Kristo .
 
Iyo turiko guter’intambwe mur’iyo nzira birashoboka gushimish’Imana mû vyo tuvuga no mvyo dukora.

Umusi mwiza !  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading