Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Turakomeza icirwa cacu c’iyi ndwi.

Ejo twabonye intambuko 3 zituma dushobora gushimish’Imana, uyu musi twongererekwo iya 4 ivuga guhagarara neza mw’ibanga ryo kuba intumwa mu gishingo ca Kristo.

2 Ab’i Korinto 5: 20  Ni co gituma tur’ intumwa mu gishingo ca Kristo, Imana isa n’ibingingira muri twebge. Turabinginga mu gishingo ca Kristo, mwuzure n’Imana.” 

Kuba intumwa ( être Embassadeur) n’igikorwa gikomeye. Kuko uwugihawe ategerezwa kwitwararika imisi yose kutamaramaza igihugu aserukiye.

Mbega natwe Ko Kristo yaduhaye iryo banga turiko turyitwaramwo dute aho tubaye, aho dukorera, aho tugendera? Kristo ariko arashimwa kubwacu?

Iman’idushoboze kuba abaserukizi beza b’ubwami bwayo!

Umusi mwiza !

Pasteur Cassien NIKO 

Loading