Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom ! 
Ubushobozi bw’ijambo ry’Imana ku wizera. Igice ca 3 
3. Rizana kwera ( sanctification)
Yohana 17:17 Ubeze mu kuri: ijambo ryawe ni ryo kuri.
Ukwera nyakwo no guhinduka bizanwa n’ijambo ry’Imana.
Iyo turyumvise tukaryumvira biduha kwezwa no guhinduka rwose, tugasigara tubona ibintu nk’uko Imana ibibona, tukaba abantu bayo bashitse.
2 Timoteyo 3:16-17 Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka: 17 n kugira ng’ umuntu w’Imana abe ushitse, afise ibimukwiye vyose, ngw akore igikorwa ciza cose.
Ntitukabure umwanya w’ijambo ry’Imana mu kubaho kwacu kuko ariho ugugunganywa kwacu guhagaze.

 

Umusi mwiza !

Pasteur Cassien NIKO

Receive Jesus
Receive forgiveness
Receive eternal life
Receive the gift of the Holy Spirit

Loading