Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Turashim’Imana iduhaye umusi mushasha n’indwi nziza igiye kudushikana ku musi mukuru wa pentecôte.

Iri yinga tugiye kwiga ku bushobozi bwa Mpwemu yera. 

Ivyakozwe n’Intumwa 1: 8  ariko muzohabga ubushobozi , Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi.

Ubushobozi bugaragarira mu bikorwa bidasanzwe. Mpwemu Yera iy’aje mu muntu, amuzanamwo, ubuzima bw’Imana ( la vie de Dieu), kamere y’Imana(sa nature) no gushobora kw’Imana (la capacité de Dieu).

Nkaba ndabifurije ko mur’iyi ndwi umwe wese yoter’intambwa mu kwakira ubu bushobozi bwatumye intumwa zikor’ibikomeye mw’isi!

Umusi mwiza, n’indwi nziza!

Pasteur Cassien NIKO  

 561 total views,  1 views today

Leave a comment