Shalom !
Ubuntu bw’Imana bukwiye kwakiranwa umunezero.
Luka 1:26-30 “Kandi mu kwezi kwa gatandatu, umumarayika Gaburiyeli atumwa n’Imana mu gisagara c’i Galilaya citwa Nazareti, 27 k ku nkumi ikowe n’umugabo yitwa Yosefu, wo mu nzu ya Dawidi, izina ry’iyo nkumi ni Mariya. 28 l Yinjira ah’ ari, aramubgira, ati N’amahoro, ugiriwe ubuntu, Umwami Imana ari kumwe nawe. 29 Ariko we ahagarika umutima cane w’iryo jambo, yibaza iyo ndamukanyo iy’ ari yo. 30 Umumarayika aramubgira, ati Nta co utinya, Mariya, kuk’ ugiriwe ubuntu n’Imana .“
Mariya acumva indamukanyo y’umumarayika imubwira ubuntu, yarahagaritse umutima.
Ariko amaze gitahuzwa igikorwa ahawe ingene kizogenda v31-37, yaciye yakirana umunezero ubuntu bw’Imana, yemera ico gikorwa.
Luka 1:38 a”Mariya aramubgira, at’ Ehe nd’umugurano w’Umwami Imana, bimbere ukw ijambo ryawe rivuzwe.“
Iyi niyo nyifato ikwiriye abana b’ubwami imbere y’igikorwa c’ubuntu bw’Imana. Kwama twakirana umunezero kuba ic’ijambo ry’Imana ritubwira.
Umusi mwiza !
Pasteur Cassien NIKO