Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Kuber’iki iri yinga rikwiye kuba iry’umunezero?

1. Yesu yaje guhindurira ibihe abantu.

Yesaya 61: 1-3 Mpwemu w’Umwami Uhoraho ari kuri jewe, kuk’ Uhoraho yandobanuje amavuta ngo mbgire abaciye bugufi ubutumwa bgiza; yantumye gutubika imitima imenetse, no kumenyesha abarindwa ko barekuwe, n’imbohe ko zugururiwe; 2 c ngo mmenyeshe abantu umwaka wo kwemererwamwo n’Uhoraho, n’umusi wo kwihora w’Imana yacu; ngo nirure abagandaye bose, 3 d ngo nshirireh’ abagandaye i Siyoni igitsibo mu gishingo c’umunyota, ndabahe n’amavuta y’akaneza mu gishingo c’ukugandara, n’umwambaro wo guhimbaza mu gishingo c’umutima uhondobereye; kugira ngo baze bitwe ibiti vy’ukugororoka,+ imyeloni yatewe n’Uhoraho, ngo bimutere icubahiro.

Yesu niwe yabaye intumwa ya mbere ( missionnaire). Yavuye mw’ijuru atumwe kw’isi. Ico yatumwe ( mission) n’iyi duhejeje gusoma kandi Yesu yarayizi cane kuko yarayivuze muri Luka 4:18-19 .

Reka iri yinga rya Noël tureke Kristo ashitse icamuzanye muri twebwe, aduhindurire ibihe, yigize kure umubabaro wo mû mutima, abohore ababoshwe, azane kwirurwa, azane umunezero n’amahoro mû bacu.

Umusi mwiza! 

Pasteur Cassien NIKO 

Loading