Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Twiteze gutangura umwaka mushasha! Turondere kubanza kuba bashasha, Imana nayo izane bishasha muri twebwe.
Matayo 9:17 Nta wotara umutobe wa vino mu mikuza y’insato ibombotse: imikuza yoturika, vino igashirira hasi, imikuza igapfa. Arik’ umutobe wa vino bawutara mu mikuza misha, vyompi bikarama.
Imana iri hejuru y’ibihe kandi iba izi ibidukwiriye uko ibihe bigenda bikuranwa, uko umwaka ugenda ukabisa uwundi. Iyo rero tutabaye maso ngo dutegurire imitima yacu ibihe bishasha, dusanga twasigaye inyuma yo gukora kw’Imana.
Ico duhamagarirwa ni ukuba maso, amatwi yacu y’impwemu akama yiteze kwumviriza ic’Imana ishaka mu bihe bishasha biba biriko biratuzako.
Kuko har’ibishasha vy’uyu umwaka tugiye kwinjiramwo, bikeneye imitima yiteguye kuvyakira.

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading