Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Twige guha agaciro ivy’Imana iha agaciro no kwanka ivyo yanka.

Imigani 6: 16-19 Har’ ibintu bitandatu Uhoraho yanka, Mbere n’indwi bimusesema:17 k Amaso y’ubgibone n’ururimi rw’ibinyoma, N’amaboko avisha amaraso y’aberanda; 18 l N’umutima ugera imigabo mibi , N’ibirenge vyihutira kwirukira ikibi; 19 m N’icabona c’ibinyoma kivuga ivy’ ubuhumvyi, N’uvyura imitongano mu bavukana .

Mur’iyi mirongo, ivyerekeye ururimi biza gatatu, bigaragaza neza ingene gukoresha nabi ururimi rwacu bibabaza Imana kuko vyonona imigenderanire na bagenzi bacu.

Kandi udakoresha neza ururimi ntibikunda ko abana n’Imana.

Zaburi 15:1-3 Uhoraho, ni nde azosembera mw ihema ryawe? Ni nde azogerera ku musozi wawe wera? 2 c N’ugendera mu bitunganye, agakora ivy’ ukugororoka, Akavuga ukuri mu mutima wiwe. 3 d Utarementanisha ururimi rwiwe , Ntagirire nabi mugenzi we, Ntakaze inkuru y’umubanyi wiwe.

Iman’idushoboze tube abizigirwa imbere y’Imana na bagenzi bacu.

Umusi mwiza ! 

Pasteur Cassien NIKO 

 78 total views,  1 views today

Leave a comment