Shalom !
Turashimiy’Imana iyinga rishasha Imana itwinjijemwo.
Twegereje Noël aho twibuka ingene Yesu yakoze igikorwa gikomeye akaza mw’isi kwambara umubiri kugira aducungure.
Yohana 1:14 “Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe , n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri.“
Ukwumvira kwiwe kwadukuyeko umuvumo w’icaha wazanywe no kutumvira kwa Adamu, ukwo kwumvira kuzanira abizera gucika abagororotsi.
Abaroma 5: 19-21 “Kandi nk’uko kutumvira Imana kw’umuntu umwe kwatumye benshi bacika abanyavyaha, ni ko kuyumvira kw’umwe kuzotuma benshi bacika abagororotsi. 20 m Arikw ivyagezwe vyaje na vyo, kugira ngo gucumura kugwire: yamara, ah’ icaha cagwiriye ni ho ubuntu bg’Imana bgarushirije kugwira, 21 n kugira ngo, nk’ukw icaha cashizwe ku ngoma n’urupfu, abe ari ko n’ubuntu bg’Imana bushirwa ku ngoma n’ukugororoka, buheshe ubugingo budashira, kubga Yesu Kristo Umwami wacu.“
Reka iri yinga ritubere iyinga ryo kurimbuye kur’iki gikorwe cazanye Yesu mw’isi, dushike kw’ihangiro ryiwe ryo kuduhindura.
Umusi mwiza n’indwi nziza!
Pasteur Cassien NIKO