Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Twakiran’umunezero iyinga rishasha n’umusi mushasha!

Iri yinga tukaba tugiye kwiga guha agaciro umusi w’uno musi ( l’aujourd’hui).

Zaburi 118: 24 Uyu ni wo musi Uhoraho yashizeho ;Turawunezererwako, tukawuhimbarirwako.

Umusi wose mushasha ni ingabire y’Uhoraho kuko n’Imana iba yawushizeho.

Umwanya uko utunganijwe ugizwe na Kahise( le passé), kubu( le présent) na kazoza( le future). Mur’ibi bitatu ic’umuntu afiseko ubushobozi ni kubu( le présent). Kahise kaba karenganye, kandi ivyarenganye biba vyaheze, ibir’imbere navyo bizi Imana. Ariko uyu musi umwana w’umuntu arashobora gukir’ic’akoze n’ic’ahinduye.

Abaheburayo 3:13 Ariko muhanurane uko bukeye bicitwa uyu musi , ntihagire uwo muri mwebge akomantazwa umutima n’uruhendo rw’icaha.

Ntuturindire gukora ejo ivyo dushobora gukora uyu musi ! Twige guha agaciro umusi mushasha wose twisanzemwo.

Umusi mwiza n’iyinga ryiza!  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading