Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom !
Twakiran’umunezero iyinga rishasha Imana itwinjijemwo.
Nkaba ndabifurije ko ryobabera iyinga ryo gutangura gukorera mu rugezo rw’ubushobozi rw’ibihe bishasha Imana yatwinjijemwo.
1 Timoteyo 4:7b-9″Wimenyereze kwubaha Imana; 8 e kuko kwimenyereza kw’umubiri kugira ikimazi kuri bike, ariko kwubaha Imana kugira ikimazi kuri vyose, kuko kuzana isezerano ry’ubugingo bga none n’ubuzoza. 9 f Iryo jambo n’iryo kwizerwa rikwiye kwemerwa rwose.
Nk’uko Pawulo yahanuye Timoteyo atangure kwimenyereza kwubaha Imana, niko natwe duhamagarirwa gutangura kwimenyereza gukoreshwa n’Imana ku rundi rugezo rw’ibihe bishasha.
Urugendo rwose rugira intango, impinduka yose igira aho ihereye, ubuzima bwose bugira aho butanguriye.
Iri yinga Imana idushoboze gutera intambwe ya mbere yo kugendera no gukorera mu gihe gishasha!

 

 

Iyinga ryiza n’umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading