Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 
Twakirane umunezero iyinga rya Pasika. 
Nkaba ndabifurije ko iri yinga ryotubera iryo gufata ingingo zikomeye kubwo gutahura Kristo.
Luka 5:3-1 1″Atambukira mu bgato bumwe, bgar’ ubga Simoni, aramusaba ngw abgigizeyo buve ku nkombe gatoya: aricara, yigisha ishengero, ari mu bgato. 4 c Ahejeje kuvuga, abarira Simoni, at’ Igira mw idamba, muterere insenga zanyu murobe. 5 Simoni aramwishura, at’ Erega Mwigisha, twakesheje ijoro ryose twatamye, nta co twafashe: ariko kubg’ ijambo ryawe ndaterera insenga. 6 Babigize, baroba ifi nyinshi cane, insenga zabo zigomba gucika. 7 Bakura abagenzi babo bari mu bundi bgato, ngo baze babafashe: baraza, buzuza amato yompi, agomba kudobera. 8 Ariko Simoni Petero abibonye yikubita imbere y’amavi ya Yesu, ati Va aho ndi, Mugenzi, kuko nd’ umunyavyaha. 9 Kukw atangaye, n’abari kumwe na we bose, babonye ifi barovye. 10 d Na Yakobo na Yohana bene Zebedayo na bo baratangara, bari bafatanije na Simoni. Yesu abgira Simoni, ati Nta co utinya, uhereye none uzoroba abantu. 11 e Bahejeje gushikana amato yabo ku nkombe, basiga vyose, baramukurikira .
Simoni n’izindi ntumwa bamazegukorera kw’ijambo Yesu ababwiye barovye amafi menshi ku murango. Bikora ku mitima yabo batangarira Yesu, uyu nawe aca abasezeranira kuzoroba abantu.
Ivyo bumvise Kristo ababwira, bifatanije n’ibikorwa biboneye n’amaso yabo Yesu yabakoresheje vyabashikanye ku gufata ingingo yo gusiga vyose( amato, amafi, imiryango,..).baramukurikira.
Reka natwe iri yinga Kristo atwihishurire ukundi gushasha tutikeze kumenya, kugira bidushikane ku gufata ingingo zikomeye mû buzima bwacu.

 

 

Umusi mwiza n’indwi nziza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading