Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Twakirane umunezero iyinga rishasha.
Nkaba ndabifurije ko ryobera umuntu wese iyinga ryo kugendererwa n’Imana biciye kw’ijambo ryayo kugira ibitameze neza Yesu abitunganye, maze ibikorwa vy’Imana vyibonekeze!
Yohana 9:1-3 Arikw arahita, abona umuntu yavutse ar’ impumyi. 2 b Abigishwa biwe baramubaza, bati Mwigisha, ni nde yakoze icaha, n’uyo, canke n’abavyeyi biwe, ko yavutse ar’ impumyi? 3 c Yesu arabishura, at’ Uyu ntiyakoze icaha, kandi s’abavyeyi biwe, ariko n’ukugira ngw ibikorwa vy’Imana bibonekere kuri we .
Umusi Yesu ahura n’uwavutse ari impumyi, wabaye umusi wo kumuhumura kugira ibikorwa vy’Imana bibonekere kuri we!
Yesu arafise ivyo yokora iri yinga ibikorwa vy’Imana bikabonekera kuri wewe? N’akanya keza ko kumwakira mû buzima bwawe canke mû muryango wawe iri yinga rikazorangira ufise intahe nshasha y’ic’Imana yakoze!

 

Umusi mwiza n’iyinga ryiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading