Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom!

Twakirane umunezero iyinga rishasha, n’umusi mushasha.

Tukaba dutanguye urugendo rw’amasengesho y’imisi 40.

Daniyeli 9:1-3Mu mwaka Dariyo mwene Ahasuwerusi wo mu ruvyaro rw’Abamedi yimyemwo, yimitswe kuba umwami w’igihugu c’Abakaludaya, 2 b mur’ uwo mwaka wa mbere ari ku ngoma, jewe Daniyeli namenyeshejwe n’ibitabo igitigiri c’imyaka Yerusalemu hazomara ar’ imisaka, kw ar’ imyaka mirongwirindwi, ari yo nyene ijambo ry’Uhoraho ryavuze, arivugishije Yeremiya. 3 c Mpanga amaso Umwami Imana, kugira ngo niyegurire gusenga no gutakamba, nisonzesha , nambaye amagunira, nisize umunyota.

Amakuru Daniyeli yamenyeshejwe n’ibitabo yamusunikiye gufata umwanya wo gusenga no kwisonzesha.

Mur’iki gihe har’amakuru menshi yotuma dufata umwanya wo gusenga no kwisonzesha kugira duhe akaryo Imana ko gukora ibidasanzwe kubw’icubahiro c’izina ryayo.

Muze twese duhange amaso umwami Mana yacu kugira twiyegurire gusenga, twakira ubuntu bubidushoboza.

2 Timoteyo 2:1″Weho mwana wanje, ugirire ubushobozi mu buntu buri muri Kristo Yesu ,”

Umusi mwiza n’indwi nziza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading