Shalom!
Twakirane umunezero iyinga rishasha ndanabifuriza Pasika nziza!
Mariko 16:9-14 “Yesu amaze kuzuka mu mutwenzi ku wa mbere w’imisi ndwi, abanza kwiyereka Mariya Magadalene, uwo yasenzemw’ abadayimoni ndwi. 10 Uwo aragenda, abibarira ababana na we, asanga bababaye barira. 11 a bo bumvise kw ari muzima, kandi ko yamwiboneye, ntibavyemera. 12 d Hanyuma y’ivyo yiyereka babiri muri bo, afise iyindi shusho, bagenda baja mu misozi. 13 Na bo nyene baragenda, babibgira abasigaye, maze ntibabemerera na bo. 14 e f Hanyuma yiyereka bamwe cumi n’umwe, bicaye bariko bararya, abagaya ukutizera kwabo no gukomantara kw’imitima yabo, kuko batemereye abamubonye, amaze kuzuka.“
Intumwa Yesu yari yababwiye ivyo gupfa no kuzuka kwiwe kugira ni vyashika imitima yabo ntize ihungabane, ariko siko vyagenze.
Yesu amaze kuzuka, yariyeretse bamwe mur’abo ariko imitima yabo iguma yugaraniwe mu kutizera no gukomantara bibabaza Yesu.
Natwe twisuzume inyifato duhora tugira imbere y’ibibazo bije gupima nimba ukuri tuzi mw’ijambo ry’Imana tukugendera. Dusanze natwe twogawa, tureke Yesu asubire azure kandi akomeze ukwizera kwacu.
Umusi mwiza n’iyinga ryiza!
Pasteur Cassien NIKO