Shalom!
Twakirane umunezero iyinga rishasha Imana itwinjijemwo.
Uyu musi dutanguye urugendo rw’imisi 7 yo gusenga no kwisonzesha.
Intumbero n’iyo gusubira guhana amasezerano n’Imana y’ibizoranga uru rugendo rw’umwaka tugiye gukorana nayo kugira tumenye neza, uruhara rwacu n’urw’Imana.
Amosi 3:1-3“Ni mwumve iri jambo Uhoraho abavuzeko, yemwe Bisirayeli, arivuze ku muryango wose yaduganye, awukuye mu gihugu ca Egiputa, 2 b ati Ni mwebge gusa twamenyanye mu miryango yose yo mw isi: ni co gituma nzobahanira ibigabitanyo vyanyu vyose. 3 Mbega babiri bojana bataraganye?“
Uyu mwaka har’ico twiteze ku Mana nayo har’ico utwitezeko, ni ngombwa rero dufate akanya ko kwihererana nayo ikatubwira ico yifuza ko dukora natwe tukayibwira ibiri mu mitima yacu, maze tubane neza nayo kuko ari Imana y’amasezerano.
N’ahacu ho kuyiha ako kanya kuko yoyo iriteguye kutuganiriza.
Amosi 3:7” Ereg’ Umwami Uhoraho ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha.“
Iyinga ryiza n’umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO