Shalom !
Twakirane umunezero iyinga rishasha!
Nk’aba ndabifurije ko ryotubera twese iyinga ryo kwibukwa n’Imana.
Ivyakozwe n’Intumwa 10:1-4 “Kayisariya har’ umuntu yitwa Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana wo mu ngabo zitwa Abanyetaliya. 2 Yar’ umuntu yubaha Imana akayitinyana n’abo mu nzu yiwe bose, yagirira abantu ubuntu bginshi, agasenga Imana ubudasiba. 3 b Abona yeretswe imbonankubone umumarayika w’Imana yinjiye i we hari nk’isaha cenda z’umusi: aramuhamagara, ati Koruneliyo. 4 Na we amukanurira amaso, afise ubgoba, aramubaza, ati N’iki ga Mwami? Aramwishura, ati Gusenga kwawe n’ubuntu bgawe vyaduze biba icibutso imbere y’Imana.“
Koruneliyo yar’amaze igihe asengana n’umuryango wiwe akongera agafasha abagowe.
Igihe carashitse, ayo masengesho n’ubwo buntu yagira biba icibutso imbere y’Imana ic’imutumako umumalayika kugira uwo muryango wakire ku mwimbu w’ivyo wabivye.
Sinzi ico umaze imisi usa n’uwuriko arabiba. Reka iri yinga ribe iryo kwimbura kuco wabivye kuko Imana ariyo igera ibihe ikongera ikabigerura!
Umuntu wese iyo atari mû gihe co kubiba aba ari mû gihe co kwimbura kuco yabivye caba kibi canke ciza!
Umusi mwiza n’iyinga ryiza!
Pasteur Cassien NIKO
Receive Jesus
Receive forgiveness
Receive eternal life
Receive the gift of the Holy Spirit