Shalom!
Twakirane umunezero iyinga rishasha.
Nkaba ndabifurije ko iri yinga ryotubera twese iryo kubona ivyo tubona ko bidashoboka nk’abana b’abantu bishoboka kubw’Imana.
Luka 18:27 ” Maz’ arababgira, at’ Ibidashobokera abantu bishobokera Imana.“
Iri Jambo Yesu niwe yarivuze imbere y’ivyo abantu bariko bavuga ko bidashoboka bakurikije ugutahura kwabo.
Mû buzima tubayeho ibihe nk’ivyo vyo kwiyumvira nk’uko biratubako. Hari n’igihe ku minwa yacu tuvuga ko Imana ishobora vyose muga mû mitima tutavyizeye.
Iri yinga rize ritubere iryo kuba icabona c’ivy’Imana ikora vyagaragara nk’ibidashoboka imbere y’abana b’abantu.
Tuze turirangize tuvuga nka Yobu 42:5 ” Nari narumvishije ivyawe ugutwi,Ariko noneh’ ijisho ryanje rirakwiboneye .“
Umusi mwiza n’indwi nziza!
Receive Jesus
Pasteur Cassien NIKO
Receive forgiveness
Receive eternal life
Receive the gift of the Holy Spirit