Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 
Twakirane umunezero iyinga rishasha. 
Zaburi 23:1 Uhoraho ni we mwungere wanje, sinzokena .
Ni twemerera Uhoraho ko atuber’umwungera, dufise isezerano ryo kudakena.
Iri yinga tugiye kuraba neza insobanuro y’uwo murongo, uruhara rwacu n’urw’Imana ku vyerekaye ubuzima busagutse.
Ariko ico twoba turamenya n’uko icifuzo c’Imana ar’uko tubaho dufise ubugingo busagutse.
Yohana 10:10 Igisuma ntikizanwa n’ikindi, atar’ ukwiba, n’ukwica, n’ugutikiza; nanje jeho nazanywe no kugira ngo zironke ubugingo, kandi ngo ziburonke busagutse.
Ndifuriza umw’umwe wese ko iri yinga ryorangira turi mû kibanza Imana itwifuzamwo co kugira ubuzima busagutse ( une vie en abondance), biciye mû kwemera ko Uhoraho atubera umwungere.

Umusi mwiza n’indwi nziza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading