Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Twakirane umunezero iyinga rishasha!
Iri yinga Imana ize ihe akaryo abareretse ibikwerekeye bahindura imvugo bahimbaze Imana kubwawe! 
Ivyakozwe n’Intumwa 28:3-6 Ariko Paulo amaze gusenya umuganda w’inkwi, arazikomanya, inzoka iva mu muriro, imukomora ku kuboko. 4 Abo badebaguzi babonye ico gikoko cenena ku kuboko kwiwe, baravugana, bat’ Uyu muntu ntabuze kuba umwicanyi; kandi naho yakize ikiyaga, Idaca urwa nkunzi ntimukundiye kw abaho. 5 b Arikw akunkumurira ico gikoko mu muriro, ntiyagira ic’ aba. 6 c Ba bandi barereka kw avyimba, canke kw agwa bukumbi: ariko bamara umwanya munini babireretse, babonye ata co abaye, barahindura, bati N’imana.
Ivyashikiye Paulo vyatumye ababibona bibaza ibibazo vyinshi haba no kuvugana hagati yabo ivyo bamwiyumvirako.
Ivyo vyatumye ngo bamara umwanya amaso yabo bayagumiza kuri Paulo bareretse kugira barabe ibikurikira, bibashikana kuguhindura imvugo bati “Ni imana“.
Hari ibintu bitubako mû buzima bigatuma abantu bibaza vyinshi, ariko umwanya Imana irawukoresha mû guha akaryo abantu ko gutahura no guhindura imvugo.
Dusab’Imana iri yinga ribe iryo kwigishwa n’Imana no guhindura imvugo!

 

Umusi mwiza n’iyinga ryiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading