Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom ! 
Twakirane umunezero iyinga rishasha!
Iri rikaba ari iryo gusuzuma ibigize imishinge ( fondations) y’ubuzima bwacu.
Matayo 7:24-25 Uwumva ayo majambo yanje wese, akayakora, asa n’umuntu w’ubgenge yubatse inzu yiwe ku rutare. 25 Isegenya iragwa, inkukura iratwaza, igihuhuta kirahuhuta, bisurira kuri nya nzu, ntiyagwa, kuko yar’ imase ku rutare.
Aha bavuga ko yari imase ku rutare, ariko mû zindi ndimi zivuga ko umushinge wayo wari wubatswe ku rutare.
Umushinge niwo utuma inzu ikomera canke ntikomere. Niwo utuma inzu igira agaciro canke ntigire agaciro. Niwo utuma inzu iramba canke ntirambe.
Dusabe Imana iri yinda dutahure neza imishinge yacu y’ubuzima ingene yubatse, kugira twitegurire kutazotangara twisanze twataye umwanya mû gihe ivyo twubatse bitwawe n’imiyaga n’ibihuhusi vy’ubuzima.

 

Umusi mwiza n’iyinga ryiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading