Shalom!
Twakirane umunezero iyinga rishasha.
Iyinga ryo gusubira kwiyumvira ku rukundo rw’Imana.
1 Yohana 3:1a&b ” Murabe urukundo uko rungana Data wa twese yatugiriye, ko twitwa abana b’Imana; kandi ni ko turi .“
Urukundo Imana idukunda, ni kimwe mû bintu vy’agaciro bidushoboza kuba abana b’Imana, birengeye amajambo, ariko tukabibamwo vy’ukuri mû buzima bwacu bwa misi yose.
Urukundu rw’Imana ni umugabane utigera ushira tugomba guha agaciro, tukarugira umushinge w’ibindi vyinshi biza nk’ingabire kugira ibi navyo bikomeze kuba ivy’agaciro.
1 Ab’i Korinto 13:8 ” Urukundo nta ho rushira. Ukuvugishwa n’Imana kuzokurwaho, ukuvuga izindi ndimi kuzogira iherezo, ubgenge buzokurwaho.“
Imana idushoboze iri yinga gusubira gushingwa kur’urwo rukundo rw’Imana.
Umusi mwiza n’iyinga ryiza!
Pasteur Cassien NIKO