Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Twakirane umunezero iri yinga ryo kuwa 20-26/06/2022

Icirwa c’iyi ndwi: Kurobanura ( discernement)

Kurobanura ni ubushobozi bwo kumenya ikintu canke ibihe no gushobora kubona igikwiye kurusha ikindi, ukaraba ingaruka y’ikintu imbere yo kugikora.

Abo i Filipi 1:9-11  Kand’ ico nsengera, n’ukugira ng’urukundo rwanyu rugwire rwongerekane mu bgenge no mu kumenya kwose, 10 f murobanure ibidahwana , muhore mutagira ubupfunya cank’ ibigwisha gushitsa ku musi wa Kristo, 11 g mwuzuye imbuto zo kugororoka ziheshwa na Yesu Kristo, ngo muheshe Imana icubahiro n’ishimwe.”

Igihe c’ici ni igihe c’imanza ( fêtes) nyishi zidusaba umwanya n’uburyo kandi ivyo vyose tubihabwa n’Imana kandi tuzotanga rapport y’ingene twabikoresheje imbere y’iyabiduhaye.

Biradusaba rero ko urukundo rwacu rubamwo ubwenge (sagesse) no kurobanura ( discernement) nk’uko Paulo yabisabira abo i Filipi ngo ivyo dukora bihesh’Imana icubahiro.

Dusab’Imana iri yinga rizohere twakiriye ubwo bwenge no kurobanura!

Umusi mwiza n’indwi nziza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading