Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom!

Twakirane umunezero iri yinga ritwinjiza kuri Noël. 

Noël itwibutsa aho isi yagenderwa n’Imana biciye kuri Yesu Kristo yambaye umubiri biciye muri Mariya akaza kubana natwe ari Imanuweli ” Imana iri kumwe natwe:

Mat 1:23 ngo Raba, inkumi izotwara inda, ivyare umwana w’umuhungu, Bazomwita Imanuweli; risobanurwa ngw Imana iri kumwe natwe.

Luka 2:20 Maze ba bungere bahindukira bahimbaza Imana, bayishimira ivyo bumvise vyose n’ivyo babonye, nk’uko babibgiwe.

Abungera babaye mu bambere bumvise intahe y’abamalayika kuri Yesu, bongera baba abambere mu kumwibonara aho yavukiye. Ngo bahindukira bahimbaza Imana bayishimira ivyo bumvise n’ivyo babonye.

Reka natwe iri yinga ribe iryo guhimbaza Imana no kuyishimira kuvyo twumvise n’ivyo twiboneye n’amaso yacu ikorera imbere yacu kandi ni vyinshi cane.

Umusi mwiza n’indwi nziza! 

Pasteur Cassien NIKO  

Loading