Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom!
Twakirane umunezero iri yinga rishasha Imana idushikanyeko.
Iri yinga rikaba ariryo kwinjira mû mwidegemvyo ufatiye ku gutahura ibihe tugezemwo.
Yohana 8:32 kandi muzomenya ukuri, kand’ ukuri kuzobaha kwidegemvya .
Ukuri turimwo uyu musi n’ukuhe? Turi mû gihe co kwemererwamwo n’Uhoraho. Igihe co kwumvirwa.
2 Abo i Korinto 6:1-2 Kandi ko dukorana na yo, turabinginga, ntimuherwe ubuntu bg’Imana gupfa ubusa: 2 b kuko yavuze, iti Mu gihe co kwemererwamwo ndakwumvise , No ku musi wo gukirizwako ndagutabaye. Ehe none n’igihe co kwemererwamwo, ehe none n’umusi wo gukirizwako.
Dusab’Imana kumenya uku kuri kugire aho kudukuye n’aho kuduzodushikana mur’iri yinga!

Umusi mwiza n’iyinga ryiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading