Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Turashiy’Imana kubw’iri yinga dutanguye.

Iri yinga n’uryo gusengera ubuzima bwacu kugira dushitse intumbero yatumye Kristo adupfira.

2 Abo i korinto 4:15 Kand’ icatumye apfira bose kwar’ ukugira ngw abariho babeho batacinezereza, ariko babeho banezereza uwabapfiriye, akabazukira.

Kugira dushike kur’iri hangiro, bisaba ko twemera kubambanwa na Kristo kugira dushike ku rugezo rwo kubaho Kristo ariwe agaragara, kamere yacu igapfa igasubirizwa na kamere ya Kristo

Abo i Galatiya 2:20 Nabambanywe na Kristo, ariko ndiho; yamara si jewe nkiriho, ni Kristo ariho muri jewe. Ivyo nkora vyose nkiriho mu mubiri mbikoreshwa no kwizera Umwana w’Imana yankunze, akanyigura“.

Twinjire mû bihe vyo kwisuzuma kugira twemere kujana ku musalaba, ingeso n’ibindi tubona bikiri intambamyi yo kubaho tunezereza uwadupfiriye, akatuzukira.

Umusi mwiza n’iyinga ryiza! 

Pasteur Cassien NIKO  

Loading