Shalom!
Turashimiy’Imana kw’iyinga rishasha idushikanyeko
Iri yinga tugiye kwiga ku gushikanir’Imana imitima imenetse.
Zaburi 51:17 “Ibimazi Imana ishikanirwa n’umutima umenetse; Umutima umenetse, ujanjaguwe, Mana, ntuzowukengera.“
Abantu akenshi turakunda kwihenda kuvy’Imana inezerererwa bivanye n’inyigisho duhura nazo mû buzima: bamwe bashir’imbere ibikorwa, utwigoro dutandukanye, uburyo dusenga twigishijwe n’idini, guha agaciro ivy’abantu bakunda,….
Ariko icambere gikora ku mutima w’Imana, ni umutima umenetse, umutima ujajanguritse!
Dusab’Imana iri yinga ryose itwigishe iri banga kugira iri yinga rizorangire twashitse ku rundi rugezo rwo kunywana n’Imana.
Iyinga ryiza n’umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO