Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Turashimiy’Imana kubw’iyi ndwi nshasha Imana idihaye.

Nkaba ndabifurije ko iri yinga ryoba iryo kubona inzira nshasha z’Imana kugira turushirizeho kuyimenya.

Kuvayo 33:13 None rero, ndakwinginze, asangwa nagiriwe ubuntu imbere yawe koko, n’unyereke imigendere yawe, kugira ngo nkumenye, mbone kurushiriza kugirirwa ubuntu imbere yawe: kandi wibuke yukw iryo hanga ar’ iryawe.

Imana ifis’inzira nyishi zo gukora. Nk’uko Mose yifuje gukomeze kumenya inzira z’Imana ab’ariko natwe twifuza kurushiriza kumenye inzira zayo.

Uko tumenya inzira z’Imana niko dukomeza kuyimenya, kuyitangarira, kuyikunda no kuyubaha.

Kuvayo 14:31 Nukw Abisirayeli babona ibihambaye Uhoraho yakoreye Abanyegiputa: baca batinya Uhoraho, baramwizera, bo n’umusavyi wiwe Mose.

Umusi mwiza n’indwi nziza! 

Pasteur Cassien NIKO 

Loading