Shalom !
Turashimir’Imana idushikanye kur’uyu musi mushasha n’indwi nshasha.
Nkaba ndabifurije ko iyi ndwi yotubera yo kwibwira ibintu vyiza, bidushikana ku gukora neza!
Luka 15:17-19 “Yisubiyemwo, aribgira, at’ Abacangero ba data bangana kuriya, kandi bahazwa n’ivyo kurya bakabisigaza, nanje jeho inzara irikw iranyicira hano. 18 g Mve hasi, nje kwa data, mmubgire , nti Data, nacumuye ku yo mw ijuru no mu maso yawe, 19 singikwiye kwitwa umwana wawe: pfuma ungira umucangero wawe.“
Umuntu wese imbere yo gukora habanza kubaho kwiyumvira, bishobora gufata umwanya muto canke munini, ariko umuntu Akora ico ubwonko bwiwe bumwemereye.
Umwana w’icangazi, imbere yo gusubira kwa se, turabona ko yabanje kwibona yagiye, ariko avuga amajambo yo gusab’ikigongwe.
Hanyuma arabishira mû ngira kandi bimuviramwo ivyiza, asubira mû muryango.
Iman’idushoboze mur’iyi ndwi kwibwira vyiza kugira dushike ku bintu vyiza!
Umusi mwiza n’indwi nziza!
Pasteur Cassien NIKO