Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Turashim’Imana iduhaye umusi mushasha n’indwi nshasha !

Mur’iyi ndwi tugiye kwiga ku bwenge.

Luka 24: 45 Maz’ abungura ubgenge ngo batahure ivyanditswe.

Yesu imbere yo gutandukana n’abigushwa biwe aduga mw’ijuru yabunguye ubwenge ngo batahure ivyanditswe.  Iki n’ikigaragaza ko ubwenge ari ikintu gifis’agaciro mu buzima bwacu bwose.

Bibiliya yuzuyemwo amabanga menshi kandi kugira twitware neza turakeneye gutahura ivyanditswe kugira tuvyitondere hanyuma tubeho nk’uko bibereye abana b’Imana.

 Hoseya 4:6 Abantu banje baranduwe no kutagira ubgenge: wewe ko wataye ubgenge, nuko nanje nzoguta, ntuzoba ukiba umuherezi wanje; ko wibagiye ivyagezwe vyanje, Imana yawe, nanje nzokwibagira abana bawe.

Dusab’Imana iyi ndwi itwungur’ubwenge. 

Umusi mwiza n’indwi nziza!

Pasteur Cassien NIKO 

 656 total views,  1 views today

Leave a comment