Shalom!
Turash’Imana kubw’iri yinga rishasha ritanguye.
Ndabifurije ko iri yinga ryoba iryo guhabwa akaryo ko gushira ahabona ubutunzi Imana yadushizemwo ngo bufashe abandi.
Ivyakozwe n’Intumwa 3:6 “Petero aramubarira at’ Ifeza n’izahabu nta vyo mfise, arikw ico mfise ndakiguha: mw izina rya Yesu Kristo Umunyanazareti, va hasi utambuke .“
Iy’Imana idushizemwo ivyo gufash’abandi niyo itanga n’akaryo ko kugira bishikire abo yabiteguriye.
Niko yashize ku nzira ya Petero na Yohana ikimuga kugira bagikize kuko Imana yari yabashizemwo ubushobozi bwo kugikiza! Nabo baramenya ko babufise hanyuma batanga ibiri muri bo.
Reka natwe iri yinga Imana ize ishire ku nzira yacu akaryo ko gushira ahabona ivyo yadushizemwo vyotuma tugir’igikorwa c’ineza!
Iyinga ryiza, n’umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO