Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Turashima Imana iduhaye indwi nshasha turi bazima.

Iri yinga tugiye kwiga ku vyerekeye Ishengero ariryo mugeni wa Kristo.

Matayo 16:18-19  Nanje ndakubgira yuk’ uri Petero o, kandi kur’ urwo rutare nzorwubakakw ishengero ryanje, kand’ amarembo y’i kuzimu ntazorishobora . 19 q Nzoguha impfunguzo z’ubgami bgo mw ijuru: kand’ ico uzohambira mw isi kizoba gihambiriwe mw ijuru; n’ico uzohamburura mw isi kizoba gihamburuwe mw ijuru.

Ishengero Yesu ariko arubaka rirakomeye cane. Amasezerano rigenderako n’ayo kunesha.

Dusab’Imana iri yinga twuguruke amaso duhagarera mû kibanza cacu kugira tube ico dutegerezwa kuba mur’ibi bihe vyacu.

Umusi mwiza n’indwi nziza! 😀 

Pasteur Cassien NIKO  

 839 total views,  1 views today

Leave a comment