Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 
Turangize iyinga turaba ingene gusenga kw’intumwa kw’imisi 10 kwavuyemwo ikanguro.  
Ivyakozwe n’intumwa 5:12-16 Ibimenyetso n’ibitangaza vyinshi bikorwa mu bantu n’amaboko y’intumwa: kandi bose bakoranira mw ibaraza rya Salomo n’umutima uhuye: 13 ariko mu bandi nta muntu yatinyuka kwifatanya na bo, yamar’ abantu bose barabashimagiza, 14 d barushiriza kwongerwakw abizeye Umwami Yesu, ishengero ryinshi ry’abagabo n’abagore; 15 e bituma banaterurira abarwaye ku nzira, babashira mu nderuzo no ku birago, kugira ngo Petero ni yahaca, naho coba igitutu ciwe gishike kuri bamwe. 16 Hakoranira ishengero rivuye no mu bisagara bihereranye n’i Yerusalemu, bazana abarwaye n’abababazwa n’impwemu zihumanye: bakizwa uko bangana.
Amasengesho babayemwo y’imisi 10 yatumye intumwa ziba mw’ikanguro rikomeye, aho bakoreshejwe ibimenyetso n’ibitangaza vyinshi bigatuma bashimagizwa n’abantu bose, kandi ishengero rikomeza kwongerekana cane. Abantu bava imihingo itandukanye barakira indwara n’impwemu zihumanye bose.
Ikanguro rizanwa no gusenga kuko riza mû gihe Imana ibona ko abantu baryiteguriye.
Dukomeze gusenga kur’uyi musi w’icenda Imana izane ikanguro aho tubaye.

 

Week-end nziza itujana muri pentecôte !

Pasteur Cassien NIKO

Receive Jesus
Receive forgiveness
Receive eternal life
Receive the gift of the Holy Spirit

Loading