Shalom!
Turangize iri yinga twibuka ugukomera kw’Imana kugira biduze ukwizera kwacu.
Yesaya 40:12 “Ni nde yigeze kugera amazi y’ikiyaga ku rushi, akageresha ijuru itambge ry’intoke, akaronka ingero yokwirwamw’ umukungugu wo kw isi, akagera imisozi ku munzane, n’uturambi ku ngero? “
Imana yacu irahambaye, ibikorwa vyayo birakomeye. Nico gituma kwibuka ic’Imana iri bikwiye kudukomeza imbere y’ibiduhagarik’imitima tukakira kurema.
Uyu musi utubere umusi wo kwitega Uhoraho.
Yesaya 40:27-31 “N’iki gituma uvuga, yewe Yakobo, ukiganyira, yewe Isirayeli, ut’ Inzira yanje inyegejwe Uhoraho, kand’ ut’ Ivyanje Imana yanje iravyirengagiza? 28 u Ntiwaribgabimenye? Nturavyumva? Uhoraho n’Imana ihoraho, Umuremyi w’impera z’isi; ntadendebukirwa, nta ho aruha; ubgenge bgiwe ntibuserangurika. 29 Ni we aha inkomezi abadendebukiwe, kand’ utagira intege amwongeramw’ inkomezi. 30 Imisore yonadendebukirwa, ikaruha, n’imisore y’imikangara yokwicakw igatemba, 31 w arikw abiteze Uhoraho bazokwama biyubura mu nkomezi nsha; bazodugisha amababa nk’inkukuma v, biruke ntibaruhe, bagende ntibadendebukirwe.“
Week-end nziza!
Pasteur Cassien NIKO