Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Turangize iri yinga twibuka ugukomera kw’Imana kugira biduze ukwizera kwacu.

Yesaya 40:12 “Ni nde yigeze kugera amazi y’ikiyaga ku rushi, akageresha ijuru itambge ry’intoke, akaronka ingero yokwirwamw’ umukungugu wo kw isi, akagera imisozi ku munzane, n’uturambi ku ngero?

Imana yacu irahambaye, ibikorwa vyayo birakomeye. Nico gituma kwibuka ic’Imana iri bikwiye kudukomeza imbere y’ibiduhagarik’imitima tukakira kurema.

Uyu musi utubere umusi wo kwitega Uhoraho.

Yesaya 40:27-31 N’iki gituma uvuga, yewe Yakobo, ukiganyira, yewe Isirayeli, ut’ Inzira yanje inyegejwe Uhoraho, kand’ ut’ Ivyanje Imana yanje iravyirengagiza? 28 u Ntiwaribgabimenye? Nturavyumva? Uhoraho n’Imana ihoraho, Umuremyi w’impera z’isi; ntadendebukirwa, nta ho aruha; ubgenge bgiwe ntibuserangurika. 29 Ni we aha inkomezi abadendebukiwe, kand’ utagira intege amwongeramw’ inkomezi. 30 Imisore yonadendebukirwa, ikaruha, n’imisore y’imikangara yokwicakw igatemba, 31 w arikw abiteze Uhoraho bazokwama biyubura mu nkomezi nsha; bazodugisha amababa nk’inkukuma v, biruke ntibaruhe, bagende ntibadendebukirwe.

Week-end nziza!  

Pasteur Cassien NIKO  

 64 total views,  1 views today

Leave a comment