Shalom!
Turangize iri yinga twemerera Kristo gusubira gukora ku mitima yacu.
Yohana 21:12-14″Yesu arababarira, ati Ni muze murye . Ariko mu bigishwa ntihagira utinyuka kumubaza, at’ Uri nde? Kuko bari bamenye kw’ ar’ Umwami Yesu. 13 g Yesu araza, yabira umutsima, arawubaha, n’ifi n’uko. 14 h Ubgo bgar’ ubugira gatatu Yesu yiyereka abigishwa, amaze kuzuka mu bapfuye.”
Yesu yasubiye kwiyereka abigishwa ubugira gatatu mu buryo budasanzwe no kubagaburira kugira imitima yabo isubire kwizera, hanyuma anagure imihamagaro yabo.
Vyukuri Yesu ni umurongozi mwiza atarabira umuntu mu makosa aba arimwo ariko aturabira muri kazoza atuzigamwo akongera akatwizera.
Naho Petero yakoze amakosa menshi Yesu ntiyamuhevye yamwibiye ibanga ry’ibizomubako muri kazoza asubira kumuhamagara ubugira kabiri.
Yohana 21:18-19″N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Ukir’ umusore, warikenyeza, ukaja ah’ ugomba; arikw ah’ uzosazira, uzoramvura amaboko, uwundi agukenyeze, akujane ah’ utagomba. 19 m Icatumye avuga artyo, kwar’ ukwerekana urupfu azopfa, ashimagirisha Imana . Amaze kuvuga artyo, aramubarira, ati Nkurikira.”
Reka natwe uyu musi ube uwo gusubira guterwa intege mu gufata akanya ko kuganirizwa na Yesu ku mihamagaro yacu no gusubira gutumwa ukundi gushasha!
Week-end nziza!
Pasteur Cassien NIKO
Receive Jesus
Receive forgiveness
Receive eternal life
Receive the gift of the Holy Spirit