Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 
Turangize iri yinga turaba akarorero kagira 3 ko kuri Daniyeli.
3. Daniyeli. 
Daniyeli 6:21-27 Maze Daniyeli yishura umwami, ati Mugenzi nyaguhoraho, 22 j Imana yanje yarungitse umumarayika wayo, azibira iminwa y’intambge, nta co zankozeko; kuko nabonetse imbere yayo ntagira igicumuro, kandi nawe, mugenzi, nta kibi nakugiriye. 23 k Maz’ umwami aca aranezerwa cane, avuga ko bakura Daniyeli muri rwa rwobo. Nuko Daniyeli akurwa mu rwobo, nta n’agakwabu kabonetse kuri we, kuko yari yizigiye Imana yiwe. 24 l Maz’ umwami avuga ko bazana ba bagabo bareze Daniyeli; babaterera muri rwa rwobo rw’intambge, bo n’abana babo n’abagore babo; zibasamira mu kirere zibajanjagurana n’amagufa yabo, batarushe bashika no hasi mu rwobo.
25 m Nuk’ umwami Dariyo yandikira amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe baba mw isi yose, at’ Amahoro agwire muri mwebge! 26 n Nshinze icagezwe ngo mu bgami bganje iyo buva bukagera, abantu bahindire agashitsi imbere y’Imana ya Daniyeli, bayubahe: kukw iyo ari yo Mana nzima, ihora ihangamye ibihe vyose; ubgami bgayo ntibuzokwigera buhangura, kand’ ingoma yayo izoshika no kw iherezo. 27 o Ni yo irokora igakiza, ikora ibimenyetso n’ibitangaza mw’ijuru no mw isi, kandi ni yo yakuye Daniyeli mu menyo y’intambge.
Daniyeli yaranse gusenga umwami yemera igihano co gutererwa mû rwobo rw’intambwe yiswe umugarariji, yemera kandi gutakaza ugukomera kwiwe yarafise mû ntwaro.
Kubera ko umutima wiwe ata kindi war’utumbereye atari Imana, Imana yatumye intambwe zitamurya, ava mur’urwo rwobo ari muzima, abamudodobereje n’imiryango yabo bagaburirwa intambwe.
Aho gupfa, yatumye Imana yiwe yamamara mû bwami bwa Dariyo, ishirwa hejuru, Daniyeli akomeza kugira ikiganza ciza!
Dukomeze kuharanira imitima itunganye, Imana yacu ikomeze gushirwa hejuru!

 

Week-end nziza!

Pasteur Cassien NIKO

Receive Jesus
Receive forgiveness
Receive eternal life
Receive the gift of the Holy Spirit

Loading