Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Turangize iri yinga dushira mû ngiro ingingo nziza twafashe inyuma yo kwisubiramwo.

Luka 15:18-20 18 g Mve hasi, nje kwa data, mmubgire, nti Data, nacumuye ku Yo mw ijuru no mu maso yawe, 19 singikwiye kwitwa umwana wawe: pfuma ungira umucangero wawe. 20 Ava hasi, aja kwa se. Se amubona akiri kure, amutera akagongwe, arirukanga, amugwa mw izosi, aramugumbira.

Uyu mwana ingingo yayifashe mu vyiyumviro vyiwe, amaze kuva hasi agater’intambwe aja kwa Se niho impinduka zose tubona zabayeho, yakirwa neza na se, gusubizwa agateka k’umwana, ….

Ibi bitwigisha akamaro ko kugaragaza ukwizera kwacu n’ibikorwa kugira habeho impinduka zigaragara nk’uko Yakobo yabivuze.

Yakobo 2:14 Vyomara iki ga bene Data, namb’ umuntu avuga yukw afise ukwizera, ata bikorwa akora? Mbeg’ ukwo kwizera kwoshobora kumukiza?

Ibikorwa nivyo bituma ukwizera kwacu kudukiza, impinduka ikagaragara.

Mbega iri yinga wifatiye ingingo iyihe inyuma yo kwirimbura no kwisubiramwo? Uyu musi uter’intambwe yo kwizera uve muvyo wagaye uje mû bishimwa. Data wa twese arindiriye ko uva aho uri kugira aguter’intege agukomeze ku ntambwe nshasha uzoba wateye.

Week-end nziza! 

Pasteur Cassien NIKO 

 60 total views,  1 views today

Leave a comment