Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Turangize iri yinga dusab’Imana guhinduka ku bijanye n’imvugo.

1. Kugira amajambo yacu abe ayo gukuza abandi.

Abanyefeso 4:29-32 Ntihaze hagire ibiyago bibi biva mu kanwa kanyu, ariko muvuge ijambo ryiza ryose ryo gukuza ukwiye kuribgirwa, kugira ngo riheshe abaryumvise ubuntu bg’Imana. 30 z Kandi ntimukababaze Mpwemu Yera w’Imana, yabashiriweko kuba ikimenyetso, gushitsa ku musi wo gucungurwa. 31 a Umururazi wose no kujingitwa n’uburake no gutongana no gutukana bibavemwo, hamwe n’inzigo yose. 32 b Mugiriranire neza, mugiriranire imbabazi, muharirane, nk’ukw Imana na yo yabahaririye muri Kristo.

Iman’idukuremwo ibintu vyose bituma tuvuga nabi tukababaza Mpwemu Yera n’abari iruhande yacu.

2. Kugira imvugo zacu zaman’ubuntu bw’Imana.

Abo i Kolosayi 4:5-6 Mugendane ubgenge ku bo hanze, mugura uburyo mubugwiza. 6 f Imvugo zanyu zamane ubuntu bg’Imana, zirunzwe umunyu, kugira ngo mumenye ingene mukwiye kwishura umuntu wese.

Imana yumve gusenga kw’umw’umwe wese izane impinduka yose yifuza mû buzima bwiwe kuko irazi umuntu wese ibimukwiriye.

Week-end nziza! 

Pasteur Cassien NIKO 

Loading