Shalom !
Turangize iri yinga duhitamwo gutung’imitima imenetse.
Zaburi 51:10 “Mana, undememw’ umutima utunganye: Unsubizemw’ umutima uhamye.“
Mû minwe y’Imana tumeze nk’ibumba mû minwe y’umubumvyi, irashoboye kuturema ukundi gushasha, ivyo tudafise ikabiduha, ivyo twatakaje igasubira ikabinagura.
Ico dusabwa n’ukugira uguhitamwo kwiza.
Gusubira mû vyagezwe 30:19-20 “Uyu musi ntanze ijuru n’isi kw ivyabona bizobagiriza, yuko mbashize imbere ubugingo n’urupfu, umugisha n’umuvumo; nuko ni muhitemw’ ubugingo, kugira ngo mubone kubaho, mwe n’uruvyaro rwanyu, 20 l mukunde Uhoraho Imana yanyu, mumwumvire, mwifatanye na we akaramata, kukw ari we bugingo bganyu n’ukuramba kwanyu; kugira ngo mubone kuba mu gihugu yarahiye ba sogokuruza Aburahamu na Isaka na Yakobo, kw azokibaha.“
Duhitemwo ivyiza vyo gutunga imitima imenetse.
Week-end nziza!
Pasteur Cassien NIKO