Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Turangize iri yinga duha Imana icubahiro cayo.

Zaburi 8:1-9 Uhoraho, Mwami wacu, Ereg’ izina ryawe ni ryiza mw isi yose! Washize icubahiro cawe hejuru y’amajuru. 2 b Akanwa k’abana bato n’abonka wagahaye gushimangira inkomezi zawe, Gutsindisha abansi bawe,Kugira ng’ uzibize umwansi n’umuhozi. 3 c Iyo nitegereje ijuru ryawe, igikorwa c’intoke zawe, N’ukwezi n’inyenyeri, ivyo waremye; 4 d e Umuntu n’iki ah’ umwibuka, Cank’ umwana w’umuntu ah’ umugendera? 5 f Hari hasigaye gato ukamunganya n’Imana, Umwambika ubgiza n’icubahiro nk’igitsibo. 6 Wamuhaye kuganza ibikorwa vy’amaboko yawe, Wamuhaye gutwara ibintu vyose, ubishira musi y’ibirenge vyiwe: 7 Intama zose n’inka, N’ibikoko vyo mw ishamba na vyo, 8 N’ibiguruka mu kirere, n’ifi zo mu kiyaga, N’ikintu cose gica mu nzira zo mu biyaga. 9 Uhoraho, Mwami wacu, Ereg’ izina ryawe ni ryiza mw isi yose!

Iyo dufash’akanya ko kwiyumvira ku buntu bw’Imana, ni ngombwa twisange mu mu gutangarir’Imana nk’uko Dawidi vyamubayeko agasohora amajambo nk’aya yo mur’iyo Zaburi.

Tukibaza ku gaciro dufise imbere y’Imana dugereranije ic’iri n’ikibanza yahaye ibindi yaremye, dusanga umwana w’umuntu yokwamana na ntaryo amashimwe gusa gusa nka Dawidi.

Reka natwe muri ya myanya yacu n’Imana duhe Imana icubahiro kiyikwiriye kukw’izina ryayo ni ryiza mw’isi yose.

Week-end nziza!  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading