Shalom !
Turangiza iri yinga, uyu musi tugiye kuraba igikorwa ca Mpwemu yera.
1. Guhinyuza no kwemeza ab’isi ( convaincre le monde)
Yohana 16:8-11 “Uwo ni yaza, azohinyuza ab’ isi, abemeze ivy’ icaha, n’ivy’ ukugororoka, n’ivy’ amateka; 9 h ivy’ icaha, kuko batanyizeye, 10 i ivy’ ukugororoka, kuko nja kwa Data, kandi namwe muzoba mutakimbona, 11 j ivy’ amateka, kuk’ umwami w’iyi si yaciriwekw iteka.”
2. Kurongorera abantu ku kuri.
Yohana 16:13a“Arik’ uwo Mpwemu w’ukuri ni yaza, azobarongora abashitse ku kuri kwose , kukw atazovuga ivyo yigeneye, arikw ivy’ azokwumva vyose ni vyo azovuga,”
Niwe aduha gutahura ukuri kw’ijambo ry’Imana mu kutumurikira no kutwugurura ubwenge iyo dusom’ijambo ry’Imana akadutahuza.
3. Atumenyesha ibigira bize. Yohana 16:13b“kand’ azobamenyesha ibigira bize.“
Mpwemu ni Imana arameny’ibiri imbere akatuburira canke akatubwira ico dukwiye gukora canke ingene dukwiye kwifata.
Nico gituma iyo tutamwumviye twumva tubuz’amahoro kuko aca ababara kuko aba abona ivyo tutabonesha amaso y’umubiri.
4. Adushoboza guhimbaza no gutazir’Imana.
Yohana 16:14“Uwo azoshimagiza jewe, kukw azokwabira ku vyanje, akabibamenyesha.“
Uguhimbaza no gusenga kw’ukuri n’ukurimwo Mpwemu yera kuko Mpwemu yavuye ku Mana kandi arameny’ivy’Imana ishaka akadusa gusenga no gushimagiz’Imana mu majambo anezerez’umutima wayo.
Ikibazo twokwibaza uyu musi : Mbega Mpwemu yera tubanye gute?
Week-end nziza!
Pasteur Cassien NIKO