Shalom!
Turangiza iri yinga, twige ku kamaro ko kwubaha urutonde rw’Imana ku bijanye na Yubile.
1. Turahezagirwa.
Abalewi 26:3-4 “Ni mwahora mugendera mu mabgirizwa yanje, mukitondera ivyagezwe vyanje, mukavyumvira; 4 d nuko nanje nzogenda mbarekurira imvura mu bihe vyayo, n’igihugu kizogenda cimbuka ivyimburo vyaco, n’ibiti vyo mu ndimiro bizokwama bitengengere.“
Kwubaha urutonde rw’amabwirizwa y’Imana bitwugururira imiryango y’umugisha Imana iba yateguye kudushikanako.
2. Ibana Ibana natwe.
Abalewi 26:11-12 “Nzoshira ihema ryanje hagati muri mwebge, kandi sinzokwigera ndabazinukwa. 12 j Nzogendera hagati muri mwebge, mbe Imana yanyu, namwe mube abantu banje.“
Dusab’Imana kuba abana bayigamburukira kugira idushikaneko amasezerano yose yaduteguriye.
Week-end nziza!
Pasteur Cassien NIKO