Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom !

Turangiza iri yinga, turabire hamwe ingaruka nziza zo kwizera.

1. Turonkera aho abandi baburira.

Luka 5:4-7 Ahejeje kuvuga, abarira Simoni, at’ Igira mw idamba, muterere insenga zanyu murobe. 5 Simoni aramwishura, at’ Erega Mwigisha, twakesheje ijoro ryose twatamye, nta co twafashe: ariko kubg’ ijambo ryawe ndaterera insenga. 6 Babigize, baroba ifi nyinshi cane, insenga zabo zigomba gucika. 7 Bakura abagenzi babo bari mu bundi bgato, ngo baze babafashe: baraza, buzuza amato yompi, agomba kudobera.

Simoni n’abo bari kumwe bari bakeshej’ijoro ryose baroba barabura. Ariko bakoze ico Yesu ababwiye baronse ifi nyishi ku murango ibintu ku barovyi bitari ibisanzwe kuko ifi ziboneka mw’ijoro.

Ijambo rya Yesu rirarema, ivyari vyabuze bikaza bitisunze ibihe vy’abantu.

2. Ukwizera kuduha kugendera hejuru y’ivyari bidutey’ubwoba.

Matayo 14:24-29 Arik’ ubgato bushitse hagati mu kiyaga bari batamijwe n’imipfunda, kuk’ umuyaga war’ ubaturutse imbere. 25 Ku muteramyi agira kane, aza aho bari, agendesha amaguru hejuru ku kiyaga. 26 m Abigishwa bamubonye agendesha amaguru hejuru ku kiyaga, basimbga n’umutima, bati N’igihume; baturishwa ubuku n’ubgoba. 27 Uwo mwanya Yesu arababgira, ati Humura, ni jewe, ni mureke gutinya. 28 Petero aramwishura, ati Mushingantahe, asangwa ari wewe, mbarira nze ah’ uri ku mazi. 29 Na we ati Ngo. Petero yururuka mu bgato, agendesha amaguru ku mazi, ngw aje aho Yesu ari .

Imipfunda yari itey’ubwoba abigishwa ba Yesu niyo Yesu yaziyeko aje kubatabara. Ikindi Yesu yahaye Petero ubushobozi bwo kuyigendera hejuru aja iy’ari.

Ibibazo biduter’ubwoba, Yesu abihindura inziya yo kutwiyereka iyo tumwizeye.

Tugir’umwete wo kwumviriz’ico Kristo avuga imbere y’ibidutey’ubwoba, abihinduriramwo akaryo ko kubona ubwiza bwiwe.

Week-end nziza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading